Scroll to Top

Nicholas Musonye mu rugendo hano mu Burundi.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 04 Jan 2018 05:32 AM / /

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya CECAFA  Nicholas Musonye kuva kuri uno wa gatatu Nzero, ariko aragendera igihugu c’Uburundi, mu ntumbero y’ukugenzura ibibuga bitandukanye hano mu Burundi bishobora kwakira  ihiganwa rya CECAFA ry’abatarenza imyaka icumi n’indwi.

Amakuru twahawe n’uwurongoye igisata kijejwe imigenderanire n’ugutanga amakuru mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, Nikolas Musonye kuri uno musi wa kane igenekerezo rya 4 Nzero umwaka w’2018 aza kugendera ibibuga vyo mu ntara ya Gitega, Ngozi, Muyinga yongere agenzure n’amahoteli yo muri ivyo bisagara.

Ku munsi wa gatanu, niho uwo munyamabanga wa CECAFA azorangiza urugendo rwiwe hano mu Burundi, imbere y’uko asubira inyuma akazobanza gutanga ikiganiro ku banyamakuru.

Tubibutse ko Uburundi buriko bwitegurira kwakira ihiganwa ry’abatarenza imyaka icumi n’indwi (U17), ihiganwa ritegekanijwe  mu ntango z’ukwezi kwa kane muri uyu mwaka twaraye dutanguye.

3,446 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment