;
Scroll to Top

Amos ahamagarira urwaruka rw’abarundi ruri hanze kutibagira igihugu carwibarutse

By Janvier Nzokurigomba / Published on Thursday, 04 Jan 2018 03:12 AM / No Comments / 929 views

Amos IZERIMANA ni umurundi aba muri Reta zunze ubumwe za Amerika mu gisagara ca Boston aho asanzwe ariko arakurikirana ivyirwa vya Master mu gisata c’amategeko yo ku rwego mpuzamakungu ”International law”, akaba aheruka n’ugutanguza ishirahamwe ry’urwaruka rw’abarundi baba muri Amerika yise TUVUGANE.

Mu gihe yariko araganira n’umumenyeshamakuru wa Indundi TV Marvin Arakaza, Amos yamenyesheje ko iryo shirahamwe aheruka gushinga ko rifise ihangiro ry’ugukoranya urwaruka rw’abarundi ruri muri Amerika maze rumaze kuja hamwe ruzoheze rwiyungunganye rushobore kuzogaruka mu Burundi ruzanywe n’ugufata mu mugongo urundi rwaruka rwasigaye mu Burundi na canecane urwaruka rutagize amahirwe y’ukubandanya rukurikirana ivyirwa ku mvo zitandukanye hamwe n’abana bo mw’ibarabara gutyo babone kuruteza imbere n’uguteza imbere igihugu cabibarutse mu kurwanya ubukene n’ibindi.

Amos arangiza ahamagarira urwaruka rwose ruri mu bindi bihugu kwama na ntaryo rwibuka iyo rwavuye maze rugaruke guteza imbere igihugu carwibarutse kanatsinda Uburundi bumeze neza cane bugafita ibintu bitandukanye bikwega ingenzi nka climat nziza, ikiyaga Tanganyika, imisozi myiza n’ibindi.

Kurikirane ikiganiro yagiriraniye na Indundi TV aha musi :

 

6,981 total views, 0 views today