Scroll to Top

Abakinyi batahukanye kugasaka Super Star award 2017 baraye bamenyekanye

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 04 Jan 2018 14:28 PM / /

Kw’igenekerezo rya 01 Nzero umwaka wa 2018 niho Agence Evenementuel ”Ndudi Team” isanzwe irongowe na mugenzi wacu  Majambere Jean Claude yaraye itanze ubushimwe bwa abakinyi bitwaye neza mu mwaka wa 2017 i Ngozi .

Ku gasaka SuperStar Award2017 ikaba yatahukanywe n’abakinyi bakurikira:

Football
———-
– Urasenga Cédric Danny Kagabo ( Messager Ngozi)

-Basketball Féminin
——————–
– Kiki Gracia ( Young Sister)

Basketball Masculin
—————-
– Rushoza Amani Bumbiri ( Target Intamenwa)

Music
——
– Masterland Pro

Ndudi Team ikaba yaranatanze udushimwe no ku mirwi nka The Ninja Dance Crew  watahukanye ikibanza ca mbere uhabwa agashimwe kagera ku 500.000 vy’amafaranga y’uBurundi mw’ihiganwa ry’intambo ryitwa Tamba Kugasaka, mu giteramwo cama gitegurwa buri mwaka, zone Rouge Dance Crew wafashe ikibanza ca kabiri uhabwa 300.000 vy’amarundi nayo the Snipers Dance Crew nawo ufata ikibanza ca gatatu uronka 200.000.

Egence Evénemrntiel Ndudi Team rikaba rishimira ababafashije Bose gutanga ubwo bushimwe nka Enock Sabumukama , Channy Bella, Patiri Mbaga Corneille, Dr Roger Rushingabirwi hamwe na Radio Umuco FM.

1,385 total views, 0 views today

Add Comment