Scroll to Top

Havyarimana Faustin Pendo yashinguranywe iteka

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 04 Jan 2018 15:26 PM / /

 

Abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi ndetse na bamwe mu bakinyi bari bishikiye ku Mpanda kuri uno wa 04 nzero umwaka wa 2018 bagiye gushingurana iteka Havyarimana Faustin batazira Pendo yaryamiye ukuboko kw’abagabo .

Havyarimana Faustin akaba yar’amaze imisi igera kuri itatu ari mu buruhukiro bw’ibitaro Prince Regent Charles,ari naho yakuwe mu gando ajanwa mw’itongo ry’abapfyuye riri ku Mpanda.

MasterLand
Pendo akaba yitavye Imana kw’igenekerezo rya 01 Nzero umwaka wa 2018, abaganga bakavuga ko inrwara yamuhitanye itigeze imenyekana  , abandi bakavuga yuko yoba yahitanywe n’amarozi yakuye muri Bukavu Dawa, mu gihugu kibanyi  Congo .

Havyarimana Faustin akaba yakiniye mw’imwe mu migwi ya hano iwacu nka Flamengo Fc, Vital’o Fc, mu Rwanda akaba yakiniye imigwi nka Mukura Vs, Kiyovu Sports, Espoir Fc, Amagaju Fc, hamwe na Intencelles .
Indundi Sports ikaba yifatanije n’umuryango wiwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi muri bino bihe bitoroshe barimwo.

2,406 total views, 0 views today

Add Comment