Scroll to Top

Igice ca kabiri c’ireresi “kijiji cha uchawi” buca gishirwa ahabona

By La Rédaction / Published on Friday, 05 Jan 2018 14:33 PM / /

Igice ca kabiri c’ireresi yiswe “kijiji cha uchawi” ngo buca gishirwa ahabona.

Amakuru ashikirizwa n’urwaruka rukina amareresi mu gisagara ca Rumonge rusanzwe ruhurikiye mu murwi “The kings club” amenyesha ko aho bukera kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Nzero uwu mwaka ko bazoshira ahabona igice ca kabiri c’ireresi yabo “kijiji cha uchawi”.

Ico gice kikaba cakinyemwo umurirmvyi MSAMARIA asanzwe akundwa cane muri ico gisagara ndetse no mu micungararo yaco aho yaboneyeho n’ukuzoca nawe ashira ahabona indirimbo yiwe nshasha yataziriye “Yari wewe”.

Ivyo birori bikaba bitegekanywa kuzobera ku bunywero bwo ngaho mu gisagara ca Rumonge buzwi kw’izina rya “Tujajure bar” bikazotangura guhera isaha icenda z’umuhingamo birangiye hakurikire ukwidagadura “night club” gushika isaha icumi na zibiri zo mu gatondo. 

Nayo ukwinjira muri ivyo birori umuntu umwumwe akaba asabwa kuzoriha amafaranga y’amarundi atarenga ibihumbi bibiri.

8,198 total views, 0 views today

Add Comment