Scroll to Top

Basketball: Berco Stars itahukanye igikombe c’umukuru w’igihugu

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 06 Jan 2018 10:03 AM / /

 

Kuri uyu wa gatandatu mu ntara ya Ngozi niho harangira inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu mu rukino rwa Basket Ball, mu bigeme igikombe kikaba catahukanywe n’umugwi wa Berco Stars utsinze Young Sisters yo  mu ntara ya Ngozi.

Berco Stars ikaba yaronse itsinzi mu gace ka nyuma bita ( 4e quart temps), inyuma y’ukurushwa bimwe biboneka n’abigeme ba Young Eagles mu bice bitatu vya mbere vy’urukino.

Abigeme bamenyerezwa na Claude Niyongere bakaba bagiye guhindura ibintu maze baza kurangiza urukino batsinze amanota 52 ku manota 47 ya Young Eagles yari imbere y’abakunzi isinzi bavuye mu gisagara ca Ngozi baje kuyishigikira.

Berco Stars inyuma y’ugutwara ico gikombe, ikba yaronkejwe ubushimwe butari buke: Igikombe, amatara 12, ibahasha ry’imiliyoni zibiri ( 2millions FBU) hamwe n’umwambaro w’impuzu z’ugukinamwo.

Mwomenya ko ico gikombe ari ica mbere gitwawe na Claude Niyongere ari umumenyereza mukuru w’uyo mugwi, inyuma y’ugusubirira umumenyereza Ngwijuruvugo Patrick Richard nawe yari yahishikiye.

9,746 total views, 0 views today

Add Comment