Scroll to Top

Claude Kantore yaraye atwaye igikombe ca mbere muri Berco Stars.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 07 Jan 2018 13:45 PM / /

Ku munsi w’ejo wa gatandatu  wa 6 Nzero , niho hasozerwa inkino za nyuma z’igikombe c’umukuru w’igihugu, aho mu bigeme umugwi wa Berco Stars  waraye  utahukanye igikombe ca mbere c’umukuru w’igihugu utsinze Young Eagles w’i Ngozi  ku manota 52 kuri 47.

Bitoroshe abigeme ba Berco Stars bari kumwe na Claude Kantore afashijwe n’icegera ciwe Etan, bahinduye ibintu mu gace ka gatatu ( 3e quart temps), bagabanura amanota agera kuri 11 yose bongera barangiza urukino ku ntsinzi.

Inyuma y’ugutahukana itsinzi muri Berco Stars wari umunezero uhereye ku mumenyereza wabo, Claude Kantore, aho yaganiriye abamenyeshmakurubari ngaho.
” Izi nkino twari twaraziteguriye cane, twarushije umugi wa Ngozi ukumenyera amahiganwa n’ubwo bari badusize cane mu gice ca mbere c’urukino. Abakinyi bacu berekanye uburuhe cane cane mu gice cambere kuko mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, twakoresheje ukwitanga gukomeye mu gutsinda umugwi wa Les Gazelles. 

Claude Kantore yongeye  arashimira abatunganije iryo higanwa yongerako agira ico asaba  mw’itunganywa ry’iki gikombe ku ncuro ikurikira.

” Turifuza ko kumwaka uza mw’ihiganwa rikurikira hokinishwa abakinyi gusa basanzwe bakina mw’ihiganwa rya hano iwacu kugira  duhe akaryo abana bo mu migwi yacu kandi twirinde n’ingorane zoshobora gushika zitewe n’abakinyi .”

Uno mumenyereza akaba ari igikombe ca mbere atahukanye arikumwe na Berco Stars, inyuma ya Patrick Ngwijuruvugon yagiye kumenyereza umugwi wa REG mu gihugu c’Urwanda. Akaba ariwe agiye gukurikirana uyu mugwi mw’ihiganwa rigiye gutangura  mu kwezi kwa Ruhuhuma.

9,029 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment