Scroll to Top

Basketball: Abakinyi bigenjeje neza mu nkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 07 Jan 2018 14:10 PM / /

 

Iruhande rw’imigwi yaraye itahukanye igikombe mu gikombe c’umuru w’igihugu caraye kiragiye hariya mu ntara ya Ngozi, hari abakinyi bigenjeje neza ku ruhande rw’abasore n’abigeme mu nkino za nyuma, bakaba barahawe ubushimwe.

Kantore Sandra wa Berco Stars niwe yatowe nk’umukinyi mwizakuruta abandi, bafatiye ku manota yinjirije umugwi wiwe mu rukino rwa nyuma, aho batsinze Young Sisters bigoranye cane ku manota 52 kuri  47.

Gulain wa Gymkana niwe yaranze inkino za nyuma mu basore, akaba yatowe nawe nyene hishimikjwe ibiharuro vyo mu rukino rwa bahuje  na New Look Team y’i Bururi, abyitsinda amanota 75 kuri 46.

Bano bakinyi bakaba barahawe agashimwe kangana n’ibahasha ry’ibihumbi mirongo itanu vy’amahera y’amarundi ( 50.000fbu), igikombe hamwe n’itara Wakawaka ryatanzwe n’ishirahamwe  Giga Watt ryafashe mu mugongo bimwe biboneka izo nkino.

9,493 total views, 0 views today

Add Comment