Scroll to Top

Baldwin yahoze muri Indimu buca ashinga urwiwe

By KING YANN COOL / Published on Monday, 08 Jan 2018 09:52 AM / /

Charlene niwe mwigeme yatsindiye umutima wa Baldwin, uwo akaba ari nawe bagiye gushingana urwabo.

Balduin Bilali umwe mu bari bagize umurwi Indimu mu kwezi kwa kabiri azokwubaka urwiwe n’umwigeme Charlene, uwo musore akaba aho yaganira na Indundi Magazine yemeje ico gikorwa buca atangura.

Naho tutabashije kumenya aho ibirori bizobera, ariko uwo musore avuga ko ari igenekerezo rya 3 ruhuhuma, akaba ari nako vyanditswe ku rupapuro ndangarubanza (Invitation). Bakaba bose uko ari babiri bazosezerana mw’idini ry’abisiramu basanzwe bakomokamwo.

Ubwo bugeni bukaba kugira bube mu gihe uwo muririmvyi yaramaze imyaka yababa ibiri abenshi bazi ko yahagaritse ico gikorwa c’ukuririmba, ariko we akaba avuga ko yakomeje kuririmba ari mu zindi nzira.

Mu makuru yacu yo hanyuma tukazobashikiriza ico uwo musore yavuze kuco vyobafasha ngo bahagarike kuririmba indirimbo zisanzwe ariko bagahitamwo kwihebera Imana.

6,609 total views, 0 views today

Add Comment