Scroll to Top

Big Fizzo yashimiwe kuba yitavye igiteramo ca Sat b satura

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 09 Jan 2018 12:43 PM / /

Ivyaraye bikozwe na Sat-b kuri bamwe ngo bari bakwiye kubifata nk’icirwa gikomeye, nayo abandi bo bakabona ko ari iyindi ntambwe.

Inyuma y’intsinzi y’akataraboneka yaraye ibonekeye kuri Lacosta beach mu giteramo ca Sat-b, uwo muririmvyi yashikiye kumushigikira n’aba fans nabo arabashimira.

Hampande y’abo yashimiye mu kivunga, Sat-b yaboneyeho akaryo ko gushimira Big Fariouz kuko ngo nawe yari yashitse muri ico kibanza. Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook, Sat-b yavuze ko aba fans biwe bamusavye gushimira Big Fariouz.

Abatari bake babashije kugira ico bashikirije kuri ico giteramo, bakaba babona ko iyo ari iyindi ntambwe kuko ngo vyerekanye ko umuziki ndundi witwararitswe cane n’abawukurikirana. Aho kandi bakabona ko ari akagohe Sat-b avuniye abandi baririmvyi ngo birinde ibiteramo vya buri kanya.

Mwomenya ko ikibanza cabereyemwo ico giteramo abantu bari benshi cane, bakaba basa n’abahora bitabira ibiteramo vy’abanyamahanga bibera aha i wacu.

5,100 total views, 0 views today

Add Comment