Scroll to Top

Huguruwe Cooperative y’abaririmvyi b’abarundi

By KING YANN COOL / Published on Monday, 08 Jan 2018 10:01 AM / /

Abaririmvyi bashinze cooperative izobafasha kugurisha indirimbo zabo n’iz’abandi.

Ishirahamwe ry’abaririmvyi biyonkoye kuri Amical des musiciens riheruka guhinduka Cooperative y’abaririmvyi nk’uko amakuru ava muribo abishikiriza.

Uwo murwi ugizwe n’abakiri bato hamwe n’ibicocoro mu muziki, ukaba ugiye gutangura ngo kudandaza umuziki ndundi nk’uko ayo makuru abandanya abishikiriza.

Ayo makuru nyene akemeza ko hari umugambi w’ukwinjiza abandi banyamitahe ngo bikunde igikorwa caguke, ariko ivyo ngo bakazogira ico babishikirizako mu rubanza rwo kwipfurizanya umwaka mushasha.

Amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni zibiri (2,000,000 Fbu) akaba ariyo abo baririmvyi batanguranye nk’umutahe, uwo ukaba ugabuyemwo imigabane(Shares) 10, umwe ngo ukaba ungana n’200,000.

Impapuro z’ukwemererwa gukora, iyo cooperative ikaba iheruka kuzironswa

6,899 total views, 0 views today

Add Comment