Scroll to Top

Ivyaraye bikozwe na Sat b mu giteramo ni imbonekarimwe

By KING YANN COOL / Published on Monday, 08 Jan 2018 17:36 PM / /

Sat-b, Kebby na bagenziwe baraye bakoze ibiboneka gake mu biteramo vy’aha Iwacu ata mu nyamahanga arimwo.

 

Igiteramo ca Sat-b caraye kibereye kuri Lacosta Beach, cabaye imbonekarimwe nkuko abatari bake mu bahashitse bariko babishikiriza ku mbuga Ngurukanabumenyi.

Isaha zine n’igice z’ijoro niho Sat-b yasezera aba fans biwe none igiteramo kiba kirarangiye, aho akaba yarahamaze umwanya ungama n’isaha irenga kuko yagiye kuri Podium irigira kabiri isaha zitatu n’inusu.

Muri uwo mwanya yamaze kuri podium abatari bake bararyohewe naho hari abatashimye kuko ngo yabonetse atevye Kandi hari abana bato bashaka kumubona ariko batamubonye.

Indirimbo zakunzwe cane nka “Inkuru y’ukuri”, “Too Much Feel Love” n’izindi ni zimwe mu zabashijwe gucurarangwa. Ariko akaba atagiye yibagira gucuraranga n’izindi zitandukanye ziri mu nkurikirane amaze gusohora.

Imbere ya Sat-b abandi baririmvyi batandukanye nka Clementine Kavy, Kingorongoro, Swagger team , Madiba, Miss Erica n’abandi barabashije kuryohera abantu mu ntango y’igiteramo.

Kebby nawe muri ico giteramo ntitabuze kuko inyuma yaho Sat-b aramukirije abari ngaho nk’isaha zibiri z’ijoro, Kebby nawe yahavuye yakirwa isaha zibiri n’inusu z’ijoro aho yatamvye akanaririmba uturirimbo dutandukanye twakunzwe cane.

Mwomenya ko Umutekano muri ico kibanza warucunzwe cane kuko abari ngaho baharurwa mu Bantu barenga 10,000. Ivyo bikaba biboneka gake aha iwacu mu gihe ata munyamahanga arimwo. Umuririmvyi Sat-B kandi  yanahawe agashimwe k’umuliyoni w’amarundi n’umuntu yashimye akaririmbo kiwe.

3,781 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment