Scroll to Top

Basket Ball: Igikombe c’Umukuru w’igihugu kigiye kuba buri mwaka.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 08 Jan 2018 11:22 AM / /

 

Ku munsi wa gatandatu w’igenekerezo rya 6 Nzero, niho hasozerwa inkino za nyuma mu ntara ya Ngozi, aho imigwi ya Gymkana mu basore na Berco Stars mu bigeme ariyo yatahukanye igikombe, kabaye akaryo ku mukuru w’Igihugu ko kwizeza ko kino gikombe kigiye kuba buri mwaka.

Mw’ijambo ry’Umukuru w’igihugu cacu, ari naryo ryasozereye ibirori vy’ugutanga ibikombe n’ubundi bushimwe ku migwi n’abakinyi bigenjeje neza, Umukuru w’igihihugu cacu yamenyesheje ko, ashimiye abatereye bose kugira izo nkino zishike kumusozo, abakinyi n’imigwi bashitse mu gice ca nyuma c’izo nkino.

Yarongeye aramenyesha ko ico gikombe kigiye kuza kirakinwa buri mwaka nk’uko bisanzwe biri mu rukino rw’umupira w’amaguru.

Iyindi migambi yashizwe ahabona n’umukuru w’igihugu n’uko mu gihugu cose hagiye kubakwa ibibuga vyiza bibiri bibiri mu ntara zose zigize igihugu cacu.  Mu kurangiza akaba yarangije agbira inka buri mugwi washitse mu gice ca kabiri gishira icanyuma.

Twobibutsa ko Umukuru w’igihugu yateye iteka izi nkino kuva mu nkino zo ku munsi wa gatanu gushika  ku wa gatandatu umunsi w’ukurangiza izo nkino.

5,511 total views, 0 views today

Add Comment