Scroll to Top

#Urwevu| Raba hano uburyo bw’ugutegekanya kazoza kawe mu vyiyumiro no mu ngiro

By Indundi Staff / Published on Monday, 08 Jan 2018 21:41 PM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Igihe c’intango y’umwaka nico gihe ciza c’ugutunganya ibizokorwa mu mwaka wose uri imbere. Mwibuke ko , nkuko twama tubigarukako, abahinga bose bahanura ko umuntu wese yobaho afise integekanyo itomoye kandi yanditse ku bijanye n’ukuntu ategekanya kazoza kiwe.

Uzoba ufise amahirwe niwashika aho ubonesha n’amaso y’umushaha, isanamu y’umuntu wifuza kuba uri mu myaka itanu canke icumi iri imbere. Nayo kugira ushike ah’ubona iyo sanamu , burya ngo ntibiba vyoroshe , bikaba bisaba igihe n’akigoro buri musi maze gushika aho umuntu abona neza adahigimanga , isanamu y’umuntu yifuza kuba ari muri kazoza.

Abahinga rero , bahanura kwama buri muzi wiha iminota mirongo itatu y’ugutumbereza ivyiyumviro vyawe kukurondera iyo sanamu mu mutwe y’ukwo wifuza kuzoba muri kazoza. Utegerezwa kwama ugerageza mpaka aho uzoshika ah’uhumiriza maze ukibona neza ico uzoba uri muri kazoza( visualisation).

Abahinga bamenyesha ko mu kiringo umaze gushika kur’ivyo, uba umeze nk’uwutanze itegeko kuri ka gatimatima kari mu bwonko, kamwe bivurwa ko kavugana n’Inzindi nguvu zikomeye zirengeye ubwenge( Imana), maze nako gaca kanyaragasa kakarondera ibishoboka vyose kokora kugira maze iyo sanamu wamaze gushingirako itungane.

Mu kiringo umaze kubona neza iyo uja, uraheza rero kandi ukama uriko urategekanya uko uzohashika. Ivy’ukora ku musi, ubitegekanya ufatiye kuvyo utegekanya kuba waranguye ku ndwi. Ivy’ukora ku ndwi ubitegekanya ufatiye kuvyo wategekanije kuba waranguye ku kwezi , nayo ivyo utegekanya gukora ukabitegekanya ufatiye kuvyo utegekanya kuba washitseko ku mwaka. Gutyo gutyo ugaheza ugashobora gutegekanya imyaka yose wifuza.

Nta bundi buhinga buzotuma utera imbere utabigenjeje uko.

3,224 total views, 0 views today

Add Comment