Scroll to Top

Inzara iriko irarondera inzira ikoresheje ibinyabwoya mu kiyaya ca Rusizi.

By Indundi Staff / Published on Monday, 08 Jan 2018 22:08 PM / /

Nkuko dukura inkuru mu kinyamakuru Isanganiro, imirima y’ibigori ngaha mu kiyaya ca Rusizi ngo irageramiwe n’ibinyabwoya vy’ivyonyi, binyengetera bikinjira mu mababi maze ikigori hakubandanya gitotahara nyabuna kigatangura kubenja, kigasa n’umuhondo kurya k’uwurwaye ingwara ya kwashi.

Abanyagihugu bari basohoye isuka bizeye kubukura mu nkoko, ubu batanguye kwifumbereza na narirya ngo bigaragara ko atagikozwe cihuta ngo bikur’uwo mwasi , bazohava bataha zirayoye , bifumbereje kurya k’uwuvuye kuragirira inarume.

Ku ruhande rw’abategetsi, baremeza koko yuko umwasi yateye abarimyi ahubwo mbere bakagirako banagir’ubwoba bw’uko bizohava bitera n’izindi ngorane na narirya ngo abarimyi basigaye birirwa mu mirima bagerageza kurwana n’ivyo binyabwoya  babikura kuri nya bigori.

Ivyo rero ngo bishobora kugira ingaruka mbi kuko iyindi mirimo ica iheza ikanzingama , gutyo umwasi nzara akaba ariko arabazuguruka, abaca irya n’ino.

4,432 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment