Scroll to Top

Uko Uburundi buzoba bumeze urabishije amaso y’ihangiro 2025

By Indundi Staff / Published on Monday, 08 Jan 2018 22:46 PM / /

Nkuko tubibonera kure duciye mu bitegekanwa na “Vision 2025”, Uburundi mu mwaka wa 2025 ngo kizoba ari Igihugu c’amata n’ubuki, iteka n’ijambo. Kizoba ari Igihugu ciyunze, abantu bafatanye mu nda kandi gisesekara amahoro n’umutekano. Igihugu kizoba cubakiye ku mateka n’amategeko, agashigikirwa kandi n’imico kama myiza isanzwe iranga abarundi n’Uburundi. Kizoba kandi ngo ar’Igihugu c’umusesekera, Igihugu gihagaraye ku matungo maze asabikanijwe na bose ata nyagupfa canke nyagukira.

Inzira rero zitegekanwa n’iryo hangiro kugira tuze turishikeko, ni: Ukubandanya twubaka ubumwe bw’Abarundi; ugukurikiranira hafi ibijanye n’irondoka ku rugero; ugutorera umuti ikibazo kijanye n’abarangiza amashure bakabura akazi, uguhimiriza n’uguhagurukira ibijanye n’ubutunzi maze Igihugu kigere ku rwego rw’ukugira ibahaywa mu makungu, ugushiraho inyubakwa canke uburyo bwose nkenerwa kugira umwimbu wiyongere hamwe rero n’uguhagurukira ibijanye n’indero maze ejo tuze tugire incabwenge Uburundi buzohaya no mu makungu.

Ubu turi mu mwaka 2018, hasigaye imyaka indwi gusa kugira dushike kuri iryo hangiro. 

 

5,558 total views, 0 views today

Add Comment