Scroll to Top

FFB:Tombola mu gikombe c’umukuru w’igihugu yahamagajwe

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 09 Jan 2018 06:52 AM / /

Aho bukera ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 10 Nzero, niho hategekanijwe tombola ku migwi igiye kwitabira igikombe c’umukuru w’igihugu mu mupira w’amaguru  kigira  indwi  hano mu Burundi.

Nk’uko biri mw’ikete ryashizwe ahabona n’umunyamabanga mukuru w’shirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi, umusingantahe Jérémie Manirakiza, haratumweko imigwi yose yiyandikishije  mu gikombe c’umukuru w’igihugu muri uyu mwaka, ko mw’ihoteli Source du Nil, hazobera ibirori vya Tombola y’ukungene imigwi izohura mu gice ca mbere c’iryo higanwa.

Imigwi yamenyekanye imaze kwiyandikisha ikaba igera kuri 37, mbere ikiringo kikazobandanya gushika ku munsi w’ejo nyene igihe c’isaha icumi z’umuhingamo.  Imigwi yose yo mu cicaro ca mbere ikaba yitavye iryo higanwa.

Imigwi yamaze kwiyandikisha akaba ari iyi ikurikira :

1. Aigle Noir FC
2. Messager Ngozi FC
3. Messager Bujumbura
4. Olympic Star FC
5. Flambeau du Centre
6. Flambeau de l’Est
7. Les Jeunes Athlétiques
8. Les Lierres
9. Bujumbura City
10. Magara Star
11. Unité FC
12. Moso Sugar
13. Kayanza United
14. BUMAMURU
15. B.S.Dynamic
16. Rusizi FC
17. Busoni Star
18. Les Crocos
19. Aigle Noir de Kigwena
20. Santé FC de Ngozi
21. Pigeon du Centre (Mwaro)
22. Malaïka FC (Karusi)
23. Top Junior (Kayanza)
24. Panthère FC (Cankuzo)
25. Ruyigi City (Ruyigi)
26. Lumière de Moso (Ruyigi)
27. Freedom (Ruyigi)
28. New Oil FC (Mairie)
29. Club de Matana (Bururi)
30. Club de Kiremba (Bururi)
31. J.E.C.A Régina Mundi (Mairie)
32. Commerçant FC de Ngozi
33. Kiganda City de Muramvya
34. Muramvya City
35. Agakura FC
36. Etoile du Nord (Ngozi)
37. Lumière de Mwumba (Ngozi)

Mwomenya ko kino gikombe arico gitanga uburenganzira bw’uguserukira igihugu mw’ihiganwa rya Coupe de la Confederation muri Afrika. Igikombe giheruka kikaba catwawe n’umugwi wa Olympique Stars ari nawo ugiye kuduserukira mu mahiganwa ya Afrika.

2,564 total views, 0 views today

Add Comment