Scroll to Top

#Burundi| Ibindi vyiza “ihangiro Burundi 2025” ritegekanya mu myaka 7 gusa isigaye.

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 01:04 AM / /

Ihangiro 2025 ritegekanya gushira Uburundi ku rugero ruhimbaye mu bijanye n’ubutunzi. Intumbero nyamukuru rero ngo n’iyo ukwongereza umwimbu mu gihugu, maze igipimo gikoreshwa cerekana uko ubutunzi bwifashe bafatiye ku mwimbu buri muntu wese aba mugihugu afise   (PIB) ngo kizoheze gishike ku rugero rwa amafaranga 720 .

Ivyo rero biruko igihe bandika iryo hangiro muri 2008 ico gipimo cari kigeze kuri ma dolari 137 ku muntu. Murumva ko intumbero y’iryo hangiro kwari ukuzorwiza ubutunzi n’incuro zababa zitandatu.

Ikndi iryo hangiro ritegekanya n’uko urugero bw’ubukene bwagereranwa ku bice 67 %  muri 2008 buzoba bwagabanutse igice mu mwaka wa 2025 ( N’ukuvuga 33.5%).

Nayo mu ntumbero y’ugutsimbataza ubutunzi burama, iryo hangiro ryerekana ko Reta yiyemeje ibi bikurikira: Ugutsimbataza intwaro ibereye mu gihugu kigendera ku butungane; ugutsimbataza ubutunzi burama kandi mpayanishwa  hamwe rero n’ukwongereza  bimwe biboneka ukugubwa neza  kw’abenegihugu .

Ubu turi muri 2018, hasigaye imyaka indwi itarenga ntirenguke ngo tubishikeko. Turahiriwe.

3,579 total views, 0 views today

Add Comment