Scroll to Top

#Urwevu| Amaso akunda ntabona nabi!

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 01:28 AM / /

Amaso akunda ntabona nabi, ahubwo gusa abona ivy’ayadakunda atabona. 

Abahinga babinonosoye, bakabica hirya no hino, basanga burya ngo ibituma umuntu akunda ikintu canke umuntu ngo biza mu buryo bunyuranye. Hari rero vyinshi ngo bidashobora gusigurika uciye mu buryo bw’ubwenge. Aha rero baramenyesha ko burya ibintu vyose duhitamwo gukora tubikora bibanje kuba bihuye n’ibishobisho ( émotions) maze gusa tukaza kubisigura dukoresheje ubwenge( raison).

Hari rero ubundi buciro( Values) butagaragara n’amaso bufatanye n’ikintu canke umuntu , arivyo ahanini bituma ngo dukunda nyakintu canke nya muntu( Emotional values). Nk’akarorero, urashobora kugura isaha , utagira ngo n’uko yari nziza kuruta izindi ariko gusa kubera isa kumbure n’iyo umuvyeyi wawe yambara.

Nayo kubijanye ugukunda umuntu hoho ngo ntakindi gikora atari ibishobisho  na narirya burya rero ngo iyo  turavye umuntu umwe tubona bimwe, kuko burya kenshi ngo turaba umuntu turondera kwibonamwo. Ngira ni hamwe hava ikirundi ngo ” Urya muntu ndamwiyumvamwo”. Uramvuye cane,  mbere aha wohava ugira uti kumbe ntidukunda abandi, ahubwo twikundira mubandi.Ntituronder’abandi, twirondera mu bandi.

Amaso akunda ntabona nabi , ahubwo abona neza cane kuko abona vyinshi birenga kuvyo ayadakunda atabona.

4,267 total views, 0 views today

Add Comment