Scroll to Top

#Urwevu| Vyagusa yarapfuye!

By Indundi Staff / Published on Thursday, 11 Jan 2018 02:02 AM / /

Mu gitabo ceranda Bibiliya haranditse ko “abantu benshi basaba ntibaronke , kubera basaba nabi…”. Abahinga nabo nyene ntibabihinyuza. Burya rero ngo uwuza kumenya gusaba abanza kumenya ugutanga. Abantu benshi barinamura bakagira urutonde rw’ivyo bakeneye mu buzima maze bagaca bagira urundi rutonde rw’abo bazobisaba bagaheza bagaca biraramira.

Hari ikintu rero gikomeye burya ngo bibagira. Abasokuru baciye umugani bati ” Iminwe iryoha inyurana”. Mbega ko tuzi atamuntu n’umwe afita ikintu ciza ataba yifuza kugumana, weho uba utegekanya iki kizosubira mu kibanza caho azokura? Aha twogomba tugahagarara ku mafaranga.

Abahinga bamenyesha yuko burya umuntu wese kugira yikure ifaranga bitoroshe namba. Muribuka yuko kuva dutanguye guca ubwenge , abavyeyi baguhaye agafaranga baca bakubarira bati “urakabika kure”, kandi” ntusesagure”. Ivyo rero vyaramaze kutunyengetera. Intumbero ya mbere iyo umuntu arose agafaranga ni ukukabika. Ugufata izindi ngingo z’ukugasohora bibanza guca ku zindi mvo zishemeye ahanini zifatiye ku “bishobisho”.

Imbere rero y’ukurondera ivyo ukura ku muntu, baza ubanze wibaze ivyo nyabuna nawe womuha kuko nkuko abasokuru kandi bavuze”. Ntawutunga vyose. Banza wicare hasi wiyumvire nyabuna ugire urundi rutonde rw’ivyo wibaza yoba akeneye. Gutyo ugasanga harimwo ivyo ufise bitogutera ingorane kubimuronsa heza utangure kumwiyegereza urondera kubimufashe.

Basokuru bayamaze bati ” Ntakera ka gusa” bati kandi ” Vyagusa yarapfuye”.

9,316 total views, 0 views today

Add Comment