Scroll to Top

#Urwevu| Ukaba uguma uhinyanyura uburyo bw’ukumunezereza , urahiriwe.

By Indundi Staff / Published on Sunday, 14 Jan 2018 04:42 AM / /

Yaba umukunzi, yaba  umukoresha eka uwo wese akuzeyeko urufasha , uko uzokora ibinyuranye mu kumunezereza niko uzoba uhiriwe, azorushirizaho kugushima.

Abahinga banonosoye ibijanye n’ubutunzi ( Economie) bavyita ngo ni “ingero z’urunezereza” ( Units of satisfaction). Bamenyesha yuko ibintu binyuranye bikorewe umuntu mu ntumbero y’ukumunezereza biheza bagatuma aronka urunezereza ku ngero zinyuranye.

Uko rero uhabera umuhinga mu kurondera gukora ibintu binyuranye( atari vyabindi nyene vya misi yose) niko ngo aheza nawe akabanda nya anezerwa rero mu buryo bunyuranye gutyo bigaheza bikamutera ukugubwa neza ku ngero zinyuranye, ivyo bigasigura rero ko , uko wongereza ukongera ugahinyanyura ubuhinga bw’ukumunezereza ariko nawe yongereza uguhimbarwa.

Aha twofatira rero ku rugero rw’umukoresha. Ego niko umuntu wese aba afise ico yagenewe guhemberwa. Yamara umukozi mwiza mu kazi ni uwibwiriza. Aha abahinga bahanura ko, kugirango utere imbere ningoga mu kazi wofata inyifato ikurikira. Mu kiringo umukoresha yaguhaye igikorwa ukora, ngo woheza ukanyaragasa kukirangiza ningoga, maze rero ngo uhejeje ugaca unyaragasa ukamubwira uti narangije, nimba hari ibindi mwompa nkora mumpereze.

Ikindi naco, ngo naho yoba yakubwiye ati urabikora gutya, nticobuza ko uheza ugashiramwo n’izindi mpinyanyuro zose zishoboka ziza zirushiririza. Uko uzokwongereza ubuhinga, niko uzokwongereza amahirwe y’ugukundwa. Uzoba uhiriwe

 

3,016 total views, 0 views today

Add Comment