Scroll to Top

Ikibuga c’i Gitega kiri mubizokwakira CECAFA catanguye gusubirwamo

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 03:58 AM / /

Inyuma y’urugendo rw’umunyamabanga mukuru wa CECAFA Nicholas Musonye yagize  ku bibuga bitatu vyo mu ntara zo hagati mu gihugu bizokwakira ihiganwa rya CECAFA ry’abana batarenza imyaka 17 mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka wa 2018, ikibuga ca Gitega kiri mu bizokwakira CECAFA ya batarenza imyaka 17 catanguye gusubirwamo.

Ico kibuga kikaba caratowemwo utunenge duke na cane cane ahantu h’uguhinduriramwo impuzu bita Vestiaire bakaba baramenye uruhome muri kino gihe bariko barihutira kwubaka rushasha n’inkingi basa nk’abariko baraziheza nayo amadirisha yari ahari bakaba bazoshirako mashasha mbere bahashire n’ibiyo bishasha hamwe n’ukuhasiga irangi rishasha.c

Ico kibuga abagwizatunga n’ashingamateka ndetse na Buramatari w’iyo ntara ya Gitega bari bemereye umunyamabanga mukuru wa CECAFA Nicholas Musonye y’uko ico kibuga kuva kw’igenekerezo rya 30 Ntwarante kizoba carangiye gusubirwamwo.

Mukibuka ko mu bibuga bitatu vyose biri mu ntara zo hagati bizokwakira CECAFA y’abatarenza imyaka 17 igenekerezo rya 01 Ndamukiza igibuga kiri mu ntara ya Gitega akaba arico basanze gifise utunenge nayo ibiri mu ntara ya Ngozi na Muyinga basanze ata tunenge bifise.

3,403 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment