Scroll to Top

Uwu mwaka ngo ntuzohera urwo ruhusha rutabonetse

By La Rédaction / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 06:20 AM / /

Uruhusha rw’ingenzi rumwe ku bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko ngo ruzoba rwabonetse mu mpera z’uwu mwaka twaraye dutanguye.

              Isabelle Nahayo, umushikiranganji nshingwabikorwa mu muryango w’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko EAC

Mu kiganiro yagiriraniye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere uheze igenekerezo rya 8 Nzero aho yari yaramutse ashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe muri ubwo bushikiranganji muri uyu mwaka w’2017 twaraye duhejeje, umushikranganji nshingwabikorwa mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, Isabelle Nahayo yamenyesheje ko gushika ubu Uburundi buri mu vyirwa vy’ibanze bijanye n’ishirwaho ry’uruhusha rw’ingenzi rumwe ku bihugu bigize uwo muryango aho yamenyesheje ko mu mpera z’uwu mwaka twaraye dutanguye urwo ruhusha ngo ruzoba rwabonetse.

Umushikiranganji Nahayo akaba yamenyesheje ko mu gihe urwo ruhusha ruzoba rwashizweho bizogira akunguko kadasnzwe haba ku barundi aho bazohora batembera mu bihugu bigize uwo muryango ataco binona ndetse n’ubutunzi bubone kwiyongera aho yagereranije ko bushobora kuzova ku mafaranga y’amanyamerika agera ku miriyoni 5 muri uyu mwak turimwo w’2018 bukaja ku miriyoni z’amadorari zirenga mirongo itanu gushika mu mwaka w’2020.

Mwomenya ko mu gihe Uburundi buzoba bwemeje urwo ruhusha rw’ingenzi ko buzoba bwifadikanije n’ibindi bihugu bitatu biri mu muryango EAC arivyo Urwanda, Ubuganda hamwe n’igihugu ca Kenya vyo biza vyaramaze kurwemeza kuva mu mwaka w’2014.

5,806 total views, 0 views today

Add Comment