Scroll to Top

Basketball 3X3: Uburundi bugiye kuronka ikibuga ca kijambere.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 05:55 AM / /

Inyuma y’akanya gatoya, urukino rwa BasketBall ikinwa n’abakinyi batatu itangujwe hano mu Burundi, abarongoye ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball hano mu Burundi, baherutse kumenyesha ko Uburundi bugiye guhabwa ikibuga ca kijambere kigizwe n’umusezero w’ikizungu.

Nk’uko vyashikirijwe na Kararuza Augustin, arongoye FEBABU, Uburundi buherutse kuronka ingabane y’ikibuga¬† ca kijambere, ico kibuga kikaba kiri mu gihugu ca Cote d’Ivoire, aho yanasavye umukuru w’igihugu ko yofasha mu gushikana uwo musezero hano mu gihugu.

Mwomenya ko abakinyi b’Uburundi batarenza imyaka 20 bagera kuri icenda baherutse kwitabira ihiganwa ryabereye mu gihugu ca Botswana mu kwezi kwa Kigarama k’umwaka uheze, aho umwe mu bigeme yatahukanye agashimwe.

5,449 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment