Scroll to Top

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu cacu ngo azobaterera agacumu k’ubumwe nibamara kwerekana ico bashoboye

By La Rédaction / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 08:26 AM / /

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Révérend Pasteur Denise Bucumi-Nkurunziza yamenyesheje abatwa bo muri site ya Kibogoye muri komine Itaba mu ntara ya Gitega ko mu gihe bazoba berekanye ico bashoboye bagashobora kwiyubakira inzu z’amatafari ahiye zikomeye, nawe ngo azoheza akabaterera agacumu k’ubumwe mu kubaronsa ibisakazo.

  Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ariko arahereza agakemanyi yari yateguriye abatwa bo muri site ya Kiboye, i Gitega

Kuri uyu wa kabiri waraye uheze, igenekerezo rya 9 Nzero, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu cacu, Révérend Pasteur Denise Bucumi-Nkurunziza yari yaramutse agendera abatwa bo muri site ya Kibogoye yo muri komine Itaba mu ntara ya Gitega aho yari yaramutse yipfuriza umwaka mushasha mwiza imiryango y’abatwa iraho igera kw’ijana na mirongo ibiri.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akaba yari yagiye yibangikanije agakemanyi kagizwe n’ibifungurwa vy’umuceri, ibitenge, amasuka hamwe n’amasabuni, aho umuryango umwumwe wose warose ibiro 25 vy’umuceri, umwabaro umwe w’igitenge, isuka 2 hamwe n’amasabuni 12.

Imbere y’ukubapfundururira ako gakemanyi yari yagiye yibangikanije, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu cacu akaba yabanje kugendera ahasanzwe haba abo batwa aho yasanze bamwe bakiba mu tuzu twa mitego abandi mu mazu yubakishije amatafari y’ivyondo agasakazwa amategura maze aboneraho kubasaba kugira akigoro nk’abandi batwa bo mu yandi masite y’abatwa asanzwe ari muri iyo ntara ya Gitega maze babone kwubaka amazu akomeye nawe araheza abemerera kuzobafasha mu kubaterera ibisakazo vya kijambere.

Hambavu y’urwo rugendo, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akaba yarashoboye kurungika umukuru wa protocole yiwe Nadine Nzomukunda kugira ngo agende kuraba umuvyeyi yaheruka kwibaruka ubushuri ku bitaro vyo mu Mutoyi muri iyo ntara nyene ya Gitega araheza amurungikana agakemanyi kagizwe n’umuceri, ibitenge, ivyambarwa vy’utwo twana, amasabuni, amata, amateremusi, uwo muryango co kimwe n’umuganga aserukira ivyo bitaro vy’i Mutoyi bakaba baramukengurukiye cane bamusaba ko n’abandi yobagira gutyo.

6,830 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment