Scroll to Top

Enock Sabumukama yatembereye abakunzi ba Messager Ngozi

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 08:15 AM / /

Mu gihe yariko ararangiza akaruhuko kiwe kuri uno wa 10 Nzero umwaka w’2018, umukinyi w’Intamba mu Rugamba Enock Sabumukama yari yagendeye abakunzi b’umugwi wa Messager Ngozi basanzwe baba muri komine Nyamurenza ndetse nabo baramushimira bamuha agashimwe gacafyeko ifoto yiwe.

Sabumukama Enock akaba amaze indwi zitatu ari hano iwacu mu Burundi mu karuhuko bikaba bitegekanijwe ko azofata urugendo kuri uyu wa gatanu uza, igenekerezo rya 13 Nzero umwaka w’2018 yerekeza mu gihugu ca Zambiya aho asanzwe akina mu mugwi Zesco United.

Mwomenya ko muri uyo mugwi Zesco United wo mu gihugu ca Zambiya akaba adakina wenyene aho ari kumwe n’uwundi murundi mugenzi we ariwe Dieudonne Ntibahezwa.

7,109 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment