Scroll to Top

Youth| Urwaruka rw’abarundi ruba hanze ruguma ruza gufata mu mugongo urwasigaye mu gihugu

By La Rédaction / Published on Friday, 12 Jan 2018 13:17 PM / /

Urwaruka rw’abarundi rusanzwe ruba hanze y’igihugu ntirwibagira gukubitiza agatima mpembero ku gihugu carwibarutse aho abatari bake bamaze imisi baza kugira ico baterereye mu gufasha urundi rwaruka rwasigaye aha mu Burundi mu migambi y’ukwiteza imbere n’uguteza imbere igihugu carwibarutse.

Ni muri iyo ntumbero umwe muri urwo rwaruka rusanzwe ruba hanze y’igihugu azwi kw’izina rya CONGERA Pascal amaze igihe aha mu Burundi aho yashoboye kurangura imigambi itari mike nk’ugutunganya ihiganwa ry’umupira w’amaguru hagati y’urwaruka rw’aha i Burundi iryo naryo rikaba riheruka kubera ku kibuga c’umupira c’i Kizuka muri komine ya Rumonge aho yatumenyesheje ko imvo nyamukuru yatumye ategura iryo higanwa ku rwaruka rw’Uburundi ari ukurukaburira umutima w’urukundo wamye uranga abarundi kuva kera na rindi na kare ngo, kuja hamwe bakaganira kugira ngo barabe aho bokwishitsa ejo haza.

                         kuri iyi sanamu, Congera Pascal ahagaze afashe mu ntoke umupira w’ugukina w’ibara ryera

Muri iryo higanwa ry’umupira ryabereye ku kibuga c’i Kizuka muri komine n’intara ya Rumonge, imirwi yashoboye kuvyifatamwo neza yararonkejwe agashirukabute aho umurwi wa mbere waronkejwe ibahasha ririmwo amafaranga y’amarundi ibihumbi ijana na mirongo itandatu, umurwi wa kabiri uronswa ibihumbi mirongo umunani nayo uwa gatatu uronswa  ibihumbi mirongo ine.

Eka n’umukinyi yashoboye kwigenza neza mukwinjiza ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa yararose agashimwe kagizwe n’ibirato vy’ugukinana umupira.

 

Congera Pascal akaba ari umwe mu barundi basanzwe baba muri Reta zunze ubumwe za Amerika i Phoenix muri Arizona aho asanzwe gushika ubu ariko arabandaniriza ivyirwa hambavu y’ivyo akaba kandi asanzwe ari n’umuririmvyi kw’izina ry’ubuhizi rya “Chonge P” ndetse akaba anafise aho yisumamwo muri ico gihugu nyene.

7,047 total views, 0 views today

Add Comment