Scroll to Top

Imigwi 65 niyo igiye kwitabira igikombe c’umukuru w’igihugu mu mupira w’amaguru.

By Alain Muhirwe / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 13:26 PM / /
                                             PHOTO LEGENDE FFB

Kuri uyu wa gatatu. igenekerezo rya 10 Nzero  mw’ihoteli Source du Nil, niho hari haba Tombola hagati y’imigwi igiye kwitabira ihiganwa ry’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2018. Imigwi igera kuri 63, akaba ariyo yakwije ivyangombwa vy’ukwiyandikisha.

Imigwi  mu gice ca mbere ikaba igiye guhura ugukurikira:

Kayanza United vs New force
-Kiganda city vs Vital’o
-Les éléphants vs New Oil
-Rumonge city vs Kalifumu
-Buja city vs Magara Young boys
-Messager Bujumbura vs LLB-S4A
-Flambeau de l’Est vs Moso Sugar
-Les Crocos vs Etoile du Nord
-Ruyigi City vs Athletico olympic
-Bumamuru vs Magara Star
-Musongati Fc vs Ngozi city
-Busoni star vs Les envoyés
-Volontaites vs Commerçants de Ngozi
-BS Dynamique vs Lumière de Moso
-Panthère vs Butare City
-Muramvya city vs JC Regina Mundi
-Kiremba Fc vs Intaramvya Fc
-Pigeon du centre vs Butaganzwa Fc
-Transport Fc vs Bweru Fc
-Muzinga vs Mapenzi Fc
-Unité Fc vs Rukinzo Fc
-Santé de Ngozi vs Espoir de Gatumba
-Etoile de l’aube vs Matana City
-Rusizi Fc vs Delta star
-Flambeau du centre vs Aigle Noir Makamba
-Aigle Noir Kigwena vs Les lierres
-Les jeunes athletics vs Lumière de Mwumba
-Inter stars vs Top junior
-Agakura vs Messager Ngozi
-Freedom de Gisuru vs Gatete Fc
-Malaika vs Bio-Energie

Muri iyo migwi yose hakaba hagiye kuba inkino zigera kuri 31, mu ntango mu kurindira ko umugwi wa Olympique Stars usanzwe ufise ico gikombe wo, ukina mu gice kizokurikira, aho uzoca uhura n’uwuzoba yatsinze hagati ya Santos FC na Gitaza FC kuko ziyandikishije mu nyuma y’izindi.

Inkino zitatu gusa akaba arizo zizohuza imigwi yo mu cicaro ca mbere, nazo ni Messager Bujumbura zokina na LLBS4A, Flambeau du Centre ikaba izokwakira Aigle Noir hamwe na Musongati izohura na Ngozi City.

Kino gikombe kikaba gitanga uburenganzira bw’uguserukira igihugu mw’ihiganwa rya CAF, umugwi wa LLBS4A akaba ariwo umaze gutahukana incuro nyishi kino gikombe incuro zibiri zose Vital’oFC incuro imwe, Messager Ngozi incuro imwe hamwe na Olympique Stars imaze kugitwara incuro imwe gusa.

10,868 total views, 0 views today

Add Comment