;
Scroll to Top

Diaspora| Umutama Joseph Cobanka ntakibarizwa mu bazima

By La Rédaction / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 13:07 PM / No Comments / 1133 views

Abasigwa b’umushingantahe Joseph Cobanka aribo Ngendakuma Brigitte, Clementine Mateso, Musavyimana Gloriose, na Butoyi Enock barameneyesha abavukanyi,incuti n’abagenzi urupfu rw’umuvyeyi nyakwigendera Joseph Cobanka rwashitse kuri  uyu wa gatatu igenekerezo ry’ 10 nzero mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika muri Arizona aho yaransanzwe aba.

Abo basigwa b’uyo muhisi babandanya bamenyesha ko ikigandaro kiriko kirabera aha hakurikira 130 N Hamilton st unit 22.Chandle, Az 85225.

Umuryango wabuze ukaba ushimira abo bose bariko barifatanya nawo muri bino bihe bidasanzwe na cane cane ishirahamwe BAHO risanzwe rihurikiyemwo abarundi baba aho muri Arizona ritatazwe kuwuhoza rikagirako risaba uwo wese yobishobora kugarukira ku muryango wabuze ko yokwakura ku mpamagarakure zifise 602-388-9965,  480-316-7050 canke 602-500-3020.

Ikinyamakuru Indundi Magazine gisanzwe gikurikiranira hafi amakuru y’ abarundi baba mu mahanga gisangiye umubabaro n’umuryango wabuze .

9,881 total views, 0 views today

Tagged as: