Scroll to Top

Album nshasha ya Mkomboz iri mu nzira

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 17:09 PM / /

IIndirimbo 8 zikozwe kuri Beat imwe nizo zizoba zigize urukurikirane rushasha Mkomboz agiye gusohora.

Mu kwezi kw’7 niho urukurikirane rushasha rwa Mkomboz ngo buca rushirwa ahabona, urwo rukurikirane ngo ruzoba rugizwe n’indirimbo 8 zikozwe kuri beat imwe.

Mu kiganiro yatanze kuri imwe mu nsamirizi nywarwanda, uwo muririmvyi ariko arakora neza muri ico gihugu yavuze ko ico gikorwa gisa n’icamaze guhera ku bice bitari bike.

Uwo muririmvyi yabandanije avuga ko muri izo ndirimbo Indirimbo Mtabila Camp ariyo izotangura gusohoka, aho ngo si kera gose.

Uwo muririmvyi yabandanije avuga kandi ko n’Imana ibandanya yugurura imiryango, kuko nhi ata gihindutse muri uyu mwaka azokubitira muri Amerika kuhakorera ibiteramo bitari bike.

Mwomenya ko uwo musore afise Indirimbo zitari nke amaze gukorera aho mu Rwanda zirimwo izo yakoranye n’abanyarwanda hamwe n’iziwe bwite.

10,971 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment