Scroll to Top

Label ya Kim Frans record ishobora kwakira umuririmvyikazi mushasha

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 10 Jan 2018 17:14 PM / /

Esther niyo yindi sura igiye kuboneka muri Label ya Kim Frans records, iyo ikaba ngo izananye muri Label ya Masterland yemeza ko ata kibazo yagiranye nabo ariko yashimye kwunguruza.

Uwo mwigeme mu kiyago yagiranye n’umumenyeshamakuru wacu mu kiganiro Indundi Hit show, yamenyesheje ko amaze gukorera Indirimbo 3 muri Kim Frans records.

Abajijwe imyaka azokorana nabo, yashikirije ko itaratomoka kuko hakiri ibiyago bigihari, ngo nibahuza azoheza ace asigna.

Uwo akaba azoba yinjiye inyuma y’abandi bavuzwe nka Robbiaz King, Platini n’abandi babarizwa muri iyo Label.

12,226 total views, 0 views today

Add Comment