Scroll to Top

Uburyo Big Fizzo abona ko womenya aho ubushobozi bwawe bugarukira

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 11 Jan 2018 17:15 PM / /

Uburyo umuntu ashobora kumenya aho ubushobozi bwiwe bugera, ngo n’ugukora ukabona aho ugeza inguvu. 

Big Fariouz abona ko umuntu adashobora kumenya aho ageza mu gukora mu gihe atarita, ngo arabe aho inguvu ziwe ziherera. Ivyo biheruka gushikirizwa nawe nyene ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

U’ll neva know your limits unless u push yourself to them.
#FizzoTheDon #TheBantuBwoy#Desideratus #MaigreMaisPesant#TheUniverseOfTalent

Ayo majambo akaba yaherekejwe n’ishusho yiwe yicaye mu kibanza tutabashije kumenya. Ayashikirijwe kandi mu gihe buca yugurura Inzu yiwe y’ubuhinyanyuzi The Bantu bwoy Records, iyo ikazoba inafise Label.

Nkuko bisanzwe abatari bake bakaba barabashije gushikiriza Ibitari bike kuri iyo photo, iyo ikaba kandi yaranakunzwe n’abamukurikirana. Ubona ko aharurwa mu ba mbere aha Iwacu basanzwe bakurikiranwa cane kuri uwo muhora mu Baririmvyi.

7,394 total views, 0 views today

Add Comment