Scroll to Top

Patiri Nkeshimana Palémon yashinguranywe iteka

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 11 Jan 2018 08:58 AM / /

”Mu kumuherekezanya iteka n’ukwemera, hari ico nagira ndabasangize: jewe twarabanye muri Diyoseze, twarasangiye Inkuka za missa, twasangiye ubutumwa.Mu missa abasaserdoti dushobora guhitamwo, iyo ata yindi itegerezwa iriho, twari tumaze gusangira Inkuka za Misa z’ugusaba inema y’ugupfa neza”.

Ayo ni amajambo yashikirizwa na Patiri Lambert Riyazimana ariko akurikirana ibijanye n’ukumenyesha amakuru hariya mu i Roma mu gihugu c’Ubutariyano asanzwe yaragendanye na nyakwikegendera Patiri Nkeshimana kuri uno musi yari aramutse ashinguranwa n’iteka muri diyosseze ya Ngozi yaranguriramwo ubutumwa.

Uyo musaseredoti w’umuhinga mu vyo kuririmba ngo yarakunda gutangura inkuka za misa zijanye n’ugusaba inema yo gupfa neza
ati: “Erega bavukanyi, ugupfa si ugupfayo gupfa. Ikigoye ni ugupfa nabi, umenye ibanga ry’ukuba umuntu abushitse, ibanga ry’ukuba umukristu abushitse”.

Patiri Lambert yongera ati: ”None rero, n’aho ugutandukana bitubera amananiza, mu buntu bwacu, twokengurukira Imana kandi ko apfanye ibanga yari yarasangijwe na Kristu” .

Patiri mukuru wa Paruwasi Gicumbi yo muri diyoseze ya Ngozi, Nkeshimana Palémon yari yitavye Imana biturutse kw’isanganya ry’imodoka yahora imurerura kw’ibarabara Ngozi-Masanganzira, muri Komine Gashikanwa kw’igenekerezo rya 6 nzero.

Mu bantu isinzi bari ybagiye ku musezera uba nyuma hakaba harimwo n’umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana n’abahiabye Imana benshi. Abantu bazomwibukira ku ndirimbo zikoreshwa kenshi mu misa nka nje nishongora Mana yanje na Nzokwamana ninovora…..

4,451 total views, 0 views today

Categories : Health homepage kirundi
Tagged as:

Add Comment