Scroll to Top

Hussein Tchabalala yamaze kuba umurundi wa kane agiye gukinira Rayon Sports.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 11 Jan 2018 10:38 AM / /
Hussein mu mpuzu y’umuhondo n’amabara y’ubururu mu rukino rwahuza Amagaju na APR FC

Umusatirizi w’umurundi  yahora akinira umugwi wa Amagaju mu gihuguc’Urwanda, inyuma y’igihe avugwa ko agiye kuja muri Rayon Sports, kuri uyu wa kane yamaze kwerekanwa ku kibugaa ca Rayon Sports, nk’umukinyi mushasha wayo.

Inyuma y’umwaka n’igice akinira umugwi wa Amagaju mu cicaro ca mbere c’ihiganwa rikuru mu gihugu c’Urwanda, Hussein Tchabalala yahawe amasezerano y’amezi agera kuri atandatu, akazohora ahembwa amafaranga yo mu gihugu c’Urwanda angana n’ibihumbi amajana atanu ( 500,000 fr Rwa), ibigiye kumushira mu rutonde rw’abakinyi bahembwa amahera menshi muri ico gihugu.

Hussein  Tchabalala akaba abaye umukinyi agira kane w’umurundi ari muri Rayon Sports, inyuma ya Kwizera Pierrot, kizigenza w’intamba mu rugamba, Nahimana Shassir na Bon Fils Kaleb basanzwe bari muri uyo mugwi wa Rayon Sports.

Umugwi wa Rayon Sports ukaba uriko urikomeza na cane cane mu kurondera abakinyi bagiye kubafaha gukina ihiganwa rya Afrika ry’imigwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo, aho abzohura na LLS4A ya hano mu Burundi mu rukino rwa mbere.

Hussein Tchabalala akaba ari umwe mu bakinyi bigenjeje neza mw’ihiganwa rya CECAFA Senior Challenge ryaheruka kubera mu gihugu ca Kenya, aho umugwi nserukiragihugu w’Uburundi wagarukiye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

4,681 total views, 0 views today

Add Comment