Scroll to Top

Volley Ball: Inkino zigiye gusubira gutangura mu mpera z’ino ndwi hano i Bujumbura.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 11 Jan 2018 12:06 PM / /

Inyuma y’ikiringo c’ukwezi kurenga, ata nkino ziriko ziraba mw’ihiganwa ry’urukino rwa Voley Ball hano mu gisagara ca Bujumbura, mu mpera z;ino ndwi inkino zigiye gusubira gutangura.

Mu ntumbero y’ukubandanya n’ukurangiza inkino z’igice ca mbere mw’ihiganwa ryo mu gisagara ca Bujumbura, ku magenekerezo ya 13 n 14 Nzero, ku kibuga c’ubushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico kama hazoba hariko haraba inkino zitandukanye mu bapfasoni hamwe n’abagabo.

Nk’uko twabishikirijwe na Arthur Baziri, asanzwe ari mu kanama kajejwe ubuhinga muri AVAB, yaumeyesheke ko bari bahagaritse kubera abanyeshure bari mu bibazo vy’igice ca mbere, hamwe n’iminsi mikuru irangiza umwaka.

inkino rero zikaba zitegekanijwe uku gukurikira:

Ku wa 13 Nzero:

New Colombe- VS  Gender Light Club Departement 11h
Amical des Sportifs de Bujumbura- Rumuri Departement 12h30
BUN-Muzinga Departement 14h

Ku wa 14 Nzero:

 

Vision –Lion Team Département 9h
AS- Muzinga Département 10h30
BUN-Rumuri Département 12h
Muzinga – Rukinzo Département 14h

Inkino zambere zikaba ziegekanijwe kurangira ku wa 28 Nzero, aho bazoca baja mu gice ca kabiri c’ihiganwa guhera mu kwezi kwa Ruhuhuma.

7,042 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment