Scroll to Top

Media Fc igiye gutana mu mitwe na CMB

By Editor / Published on Thursday, 11 Jan 2018 13:36 PM / /

 

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Nzero umwa 2018 isaha zitatu zo mugatondo (09h)ku Kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore hategekanijwe urukino rukomeye ruzohuza abamenyesha makuru b’inkino bita Media Fc hamwe n’ishirahamwe rirongoye abaririmvyi bita CMB ( Cooperative des Musicians Du Burundi) ritwagwa na Cedric Bangy.

Urwo rukino rukazoba ari urukino rukomeye aho kuruhande rw’ishirahamwe ry’ abaririmvyi  barahiye bararengwa yuko abamenyesha makuru b’inkino badashobora kubatsinda.

Abo banyabuhinga nubumenyi  bakaba baramaze no guhamagara igihangange c’umuziki Ndundi asanzwe akorera umuziki wiwe mu Gihugu ca Kenya  Kidumu Kibido nawe azoba yahishike, uwundi azoba ahari ni Bobona asanzwe akorera umuziki wiwe mu gihugu c’Ubutariano hamwe na Dr Claude azoba ari muri urwo rukino.

 

 

Abamenysha makuru nabo bakaba ata majambo menshi bashoboye kuyaga bakaba bavuze y’uko urukino n’iminota 90 .

 

Mukaba muhagawe muri benshi kuza kurorera urwo rukino kwinjira ni amafaranga 500Fb inyuma y’urukino imigwi ibiri yose  izoca ishira agakemanyi kazoba kabonetse muri urwo rukino abana barerewe mu kigo co kw’ijabe.

6,888 total views, 0 views today

Add Comment