Scroll to Top

Ingorane zitanu zigeramiye iterambere ry’abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega

By La Rédaction / Published on Friday, 12 Jan 2018 05:51 AM / /

Iterambere ry’abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega ngo rizingamitswe ahanini n’ibibazo bigera kuri bitanu ari navyo Buramatari w’iyo ntara ahamagarira abanyagihugu atwara ko bogerageza kubirwaniriza hamwe bivuye inyuma.

              Venant Manirambona, Buramatari w’intara ya Gitega

Nk’uko bishikirizwa na Buramatari w’intara ya Gitega Venant Manirambona, iterambere ry’iyo ntara aramutswa ngo rirazingamitswe n’ibibazo bigera kuri bitanu arivyo inzara, amatati, imyuzurira, ubugararwa hamwe n’ibindi biza akaboneraho guhamagarira abasanzwe bari mu bisata vyose vyitaho iterambere muri iyo ntara ko bokwihutira gutorera umuti urama izo ngorane zitanu zihanze abanyagihugu.

Buramatari Manirambona akaba yaboneyeho gusaba abanyagitega gukurikiza amategeko y’ugukingira isi ndimwa na canecane mu guca imikobeko, gutera ibiti hamwe n’ivyatsi bikinga inkukura n’ibindi.

Nayo ku bijanye n’amatati canecane afatiye ku matongo akunze kwibonekeza muri iyo ntara, Buramatari Manirambona yemeye ko bagiye kuza barishikira ku rubuga maze bahimirize abenegihugu ukuntu boza baragabanya ndetse banikingira ben’izo ngorane.

Ikibazo c’ivyaduka hamwe n’ibiza naco, abajejwe igisata c’ukubikinga basavye abasitanteri b’amakomine agize iyo ntara ya Gitega ko mu buryo baba bateguye kuzokoresha buri mwaka (budget) bohora bategekanya uburyo buzohora bufasha gukinga ivyo vyaduka kuko bo ngo ataburyo bukwiye bafise muri bino bihe.

4,738 total views, 0 views today

Add Comment