Scroll to Top

Fiston Aboulrazzack yahevye amasezerano na 1° de Agosto aja muri Iraq

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 12 Jan 2018 07:45 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu Rugamba Fiston Aboulrazzack yahevye amasezrano yari yasinyiraniye n’umugwi 1° de Agosto wo mu gihugu ca Angola maze aja muri Iraq mu mugwi wa Al Zawra’a mbere akaba amaze n’ugutera umukono ku masezerano y’amezi atandatu akinira uyo mugwi Al Zawra’a mu gisagara ca Bagdad. 

Fiston Abdoulrazzack akaba yari yasinye amasezerano y’umwaka n’umugwi 1° Agosto wo muri Angola kw’igenekerezo rya 06 Kigarama mu mwaka uheze, nayo muri ayo masezerano yari yagiraniye n’uyo mugwi akaba atigeze anahabwa n’urufaranga na rumwe aho bamwemereye y’uko bazomuha amafaranga amaze kurangira amahiganwa ya CECAFA Senior Challenge Cup yabera mu gihugu ca Kenya mu ntango z’ukwezi kwa Kigarama umwaka Wa 2017 ariko ivyo vyose nta nakimwe bigeze bakurikiza niho guca abona kwerekeza mu gihugu ca Iraq mu mugwi wo mu cicaro ca mbere Al Zawra”a.

Mu kiganiro gito Indundi sports yagiranye n’uyo musatirizi yavuze y’uko yaryohewe n’ibintu yemerewe muri uwo mugwi Zawra’a wo mu gihugu ca Iraq nawe ngo akaba agiye gushiramwo inguvu kugira azowufashe ibitari bike na kare ari nawo mugwi wa mbere ukomeye mu gihugu ca Iraq.

Fiston abdourazzack n’umwe mu basatirizi bakomeye cane b’intamba mu Rugamba akaba yarakinye mw’umwe mu mugwi ukomeye hano iwacu mu Burundi LLBS4A aja muri Kenya aguzwe amahera atari make mu mugwi wa Sofapaka avayo agana mu mugwi Mamelody Sundowns wo mu gihugu ca Africa y’epfo mu nyuma yaho yaciye atizwa mu mugwi wa Celtic Bloemfontein wo muri ico gihugu nyene ca Africa y’epfo muri kino gihe akaba yamaze kuba umukinyi wa Al Zawra’a mu gisagara ca Bagdad mu gihugu ca Iraq aho agiye kuwukinira amezi atandatu yo kurangiza igice ca kabiri c’ihiganwa ryo muri Iraq.

6,370 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment