Scroll to Top

Cédric Ntimpaharitse yahawe umudari n’urwaruka rwo mugisagara ca Bujumbura

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 12 Jan 2018 13:51 PM / /

Uwusamzwe arongoye ishiramwe ry’urwaruka runonora imitsi aha mu gisagara ca Bujumbura (Association de Jeunes Sportifs) mbere akaba anasanzwe akina inkino zo kunagana bita Associe Olympic Cedric Ntimagaritse yahawe umudari n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura.

Uyo mudari akaba yawuhawe kw’igenekerezo rya 29 kigarama umwaka w’2018 n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura rubicishije ku muyobozi wa Basketball mu ntumbero y’ukumushimira ku vyiza yarukoreye na cane cane mu buruhuko bw’igice ca mbere c’amashure buba mu kwezi kwa Kigarama ivyo vyose bakabikesha Cédric Ntimpagaritse kuko ariwe yabitanguhe ndetse akanabigisha uko bikorwa.

Twobibutsa ko Cedric Ntimpagaritse ariwe yatowe kuzoserukira Uburundi mu mahiganwa mpuzamakunguyo y’ukunagana azobera mu gihugu ca Nigeria mu kwezi kuza kwa Ruhuhuma kw’igenekerezo rya 07 umwaka w’2018.

3,482 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment