Scroll to Top

The Queens umurwi wa 1 w’abaririmvyikazi b’abarundi

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 13 Jan 2018 04:53 AM / /

Mu karirimbo Mshuhulikie humvikanye abaririmvyikazi b’abarundi bagize umurwi the Queens.

The Queens n’umurwi w’abaririmvyikazi ukiri mushasha. Uwo murwi ukaba uheruka gushira ahabona akaririmbo kabo gashasha ako nako bakaba bakise “Mushuhulikiye”.

Muriko abo bigeme bakaba bagaruka ku buzima bw’urukundo aho bavuga ko umuntu yarakwiye kubungabunga uwumukunda nawe agakunda kuko atari imisi yose vyama bimeze uko.

Ako karirimbo kakorewe muri Master Muzik, kakaba gatanguriye ibikorwa bitari bike bitezweko muri uno mwaka.

umwe mu bagize uwo murwi, Pamy Queen, akaba yaheruka kwandika ku rubuga rwiwe rwa WhatsApp – Statue- ko uno mwaka ata gufyina birimwo ariko ari ibikorwa gusa.

Pamy Queen akaba ariwe yarasanzwe azwi mu muziki ndundi. We akaba yarasanzwe anafise Indirimbo amaze gushira ahabona.

2,332 total views, 0 views today

Add Comment