Scroll to Top

Birabujijwe gufungura inyama z’impene n’intama mu ntara za Gitega, Mwaro na Kirundo

By La Rédaction / Published on Saturday, 13 Jan 2018 05:11 AM / /

Abanyagihugu bo mu ntara za Gitega, Mwaro na Kirundo bahamagarirwa kuba barabangira gufungura inyama z’impene hamwe n’intama ndetse bareke n’ugushora ivyo bitungwa vyabo mu tuguriro dutandukanye mu kurindira ko hoboneka umuti w’akaranda gaheruste kwibonekeza muri ivyo bitungwa.

Inyuma y’aho hibonekereje ikiza c’ingwara ifata ibitungwa bitobito (impene hamwe n’intama) mu ntara za Gitega, Mwaro hamwe na Kirundo, ubuyobozi bujejwe gukurikirana amagara y’ibitungwa buhamagarira abanyagihugu bo muri izo ntara kudasubira gufungura inyama z’ivyo bitungwa hamwe n’ukwugara utuguriro vyahora bishorwamwo.

Iyo ngwara imaze imisi yagisibije muri izo ntara zitatu ikaba gushika ubu ngo itaratorerwa umuti kuko itaramenyekana iyariyo, nayo ibimenyetso biyiranga ngo akaba ari inkorora, ugucibwamwo, kugira imiseru ku mazuru y’ivyo bitungwa, gutetemera umwanya wose, gushinga ubwoya n’ibindi.

Mukurindira ko iyo ngwara y’ibitungwa imenyekana hagatorwa n’umuti wayo, Déogratias Nsanganiyumwami asanzwe aramutswa ubwo buyobozi bwitaho amagara y’ibitungwa asaba abanyagihugu gukurikiza ivyo yabasavye aho hejuru akongera akabahamagarira gutandukanya ibitungwa bimaze gufatwa n’ibigikomeye hamwe n’uguhagarika uruja n’uruza rw’ivyo bitungwa hagati y’izo ntara zitatu zimaze gufatwa n’izindi ntara zitarandukirwa.

Bwana Nsanganiyumwami akaba yibaza ko iyo ngwara y’ibitungwa yoba yaturutse mu gihugu kibanyi c’Ubuganda mu mugambi LVMPII w’ibanki y’isi yose kuko ariyo yaheruka gukwiragiza ivyo bitungwa mu banyagihugu bo muri izo ntara zitatu.

1,557 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi

Add Comment