Scroll to Top

Akes yashize hanze amasanamu y’akaririmbo “Urabaruta”

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 13 Jan 2018 04:38 AM / /

Mu majambo y’ukwinginga n’ugushima, Akes yahayagije umwigeme mu karirimbo Urabaruta yanasohoreye amasanamu.

Akaririmbo vyavuzwe ko Lolilo yoba yararabiyeko mu gukora akaririmbo kiwe aheruka gukora kamaze gusohoka. Ako nako n’akaririmbo k”umuririmvyi Akes Don.

Ako karirimbo kasohotse haraheze imisi kakaba kakozwe na Brian Smith umwe mu bahinyanyuzi bariko bavyifatamwo neza muri kino gihe.

Ur’indirimbo ndirimba buri kanya,
ni wewe jambo namiza mu kanywa,
igisabisho nsaba umukama,
nuko tworambana mu rugo rwacu tuvyare n’abana.

 

Ako karirimbo kakaba kiswe Urabaruta, muriko Akes akaba agaruka ku vyiza abona kuri mwigeme, akanavuga ku vyiza agiye gukorera uwo mwigeme.

1,529 total views, 0 views today

Add Comment