Scroll to Top

Aron Niyitunga arakitswe n’amagara bikomeye

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 13 Jan 2018 05:27 AM / /

I Kigali mu Rwanda niho Aron niyitunga ari muri kino gihe, ariko amagara yiwe akaba abangamiwe cane n’ingwara yaburiwe umuti hano muti Afrika y’ubuseruko.

Aron niyitunga n’umwe mu bahinyanyuzi bakomeye Uburundi bifise. Iyo nararibonye mu muziki haba mu kuririmba canke uguhinyanyura muri kino gihe akaba akitswe n’amagara.

Amakuru dukesha ibinyamakuru nyarwanda akaba avuga ko uwo muririmvyi arwariye muhira iwe I Kigali mu Rwanda, akaba abangamiwe cane n’uburwara afise kandi bwaburiwe umuti.

Ayo makuru nyene akaba abandanya avuga ko uwo muhinyanyuzi afise akabazo k’ukurwara umutwe udahera. Uwo mutwe ngo akaba yarabashije kwivuza mu mavuriro atandukanye yaha muri Africa y’ubuseruko ariko ngo ntaco vyatanze.

Ayo makuru akabandanya kandi avuga ko incuti ziwe zitandukanye ziriko zirarikwa ngo bikunde begeranye uburyo kugira babashe kumurungika mu buhindi ngo aje kwivuza kuko abaganga ariyo bamurungitse.

Uwo muririmvyi akaba asanzwe azwi kuba yakoze uturirimbo tutari duke mu myaka ya 80, nayo ubu vuba akaba azwi kuba yahinyanyuye uturirimbo tutari duke turimwo utw’ibihangange vy’aha iwacu nka Yoya Jamal.

4,037 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment