Scroll to Top

Umurundi aba muri Australia aheruka gusohora ireresi ari kumwe na Van Vicker wo muri Ghana

By La Rédaction / Published on Saturday, 13 Jan 2018 07:34 AM / /

Jean-Marie Ndayishimiye azwi kw’izina rya John-Kay afadikanije n’umukinyi adasanzwe wo mu gihugu ca Ghana, Van Vicker, baheruka gushira ahabona ireresi ibica bigacika bise ”Cop’s enemy”.

 

 

Inyuma y’amareresi nka Nothing is Impossible” yasohoye mu mwaka w’2012, Restoring Hope” yasohoye mu mwaka w’2015, Silent Sufferers” yasohoye mu mwaka w’2015 hamwe na Irreversible Choices” yasohoye mu mwaka w’2016, umurundi asanzwe aba muri Australia azwi kw’izina rya Jean-Marie Ndayishimiye (John K-ay) aguma agerageza kubandanya atera intambwe mu murimo wiwe w’amareresi.

Kw’igenekerezo rya 1 Kigarama umwaka uheze w’2017 niho uwo musore yashira ahabona ireresi yiwe igira gatandatu yise ”cop’s enemy” iyo nayo akaba yayifashijwemwo n’umukinyi w’igihangange wo mu gihugu ca Ghana azwi kw’izina rya Van Vicker.

John-Kay canke Jean-Marie Ndayishimiye akaba yavukiye mu Burundi mu mwaka w’1992 ahungira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya ari kumwe n’abavyeyi biwe mu mwaka w’1993 igihe hari intambara yakurikiye igandagurwa bunyamaswa ry’incungu ya Demokarasi Perezida Melchior Ndadaye.

Inyuma y’imyaka igera kw’icumi n’umwe we n’abavyeyi biwe bamaze mu nkambi y’impunzi aho mu gihugu ca Tanzaniya, ishirahamwe ryitaho impunzi UNHCR ryarabungururije muri Australia aho bwana John-Kay yashoboye kubandaniriza amashule yisumbuye.

Mu mwaka w’2010, Jean-Marie Ndayishimiye akaba ariho yatangura umwuga wiwe w’ugukora amareresi hamwe n’umuziki maze mu mwaka w’2011 abona gutangura gusohora ireresi yiwe ya mbere yiseLast Tears for a Lost Destination” nayo indirimbo ‘‘I love you mum” yasohoye mu mwaka w’2015 akaba yarashoboye kuyironkako utuganuke tutari duke.

2,477 total views, 0 views today

Add Comment