Scroll to Top

Uko urukino rwagenze hagati ya Media Fc n’ishirahamwe ry’abaririmvyi CMB

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 13 Jan 2018 11:27 AM / /

Bibaye imboneka rimwe umugwi w’abamenyeshamakuru Media Fc utakaza urukino mu gutsindwa n’ishirahamwe ry’abaririmvyi CMB (coopérative des Musiciens du Burundi) ibitsindo 2-1.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Nzero umwaka w’2018 ku Kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore igihe c’saha zitatu z’agatondo (9h00) niho umugwi w’abamenyeshamakuru Media Fc wahura n’umugwi w’abaririmvyi CMB ( Coopérative des Musiciens du Burundi ) urongowe na Cédric Bangy mu ntumbero yo gukomeza ubucuti buri hagati y’abamenyeshamakuru hamwe n’abaririmvyi bahurikiye mw’ishirahamwe CMB.

Ikaba yabaye incuro ya mbere umurwi Media Fc utakaza urukino mu gutsindwa n’umugwi CMB ibitsindo 2-1.

Urwo rukino rukaba rwari rwitabiriwe n’isinzi ry’abantu bibaza y’uko haza kurubonekamwo bamwe mu baririmvyi bakomeye cane bahurikiye muri iryo shirahamwe nka Kidumu, Bobona, D.r Claude n’abandi yamara bakaba batahavuye baribonekamwo.

Cédric Bangi asanzwe aramutswa iryo shirahamwe ry’abaririmvyi akaba yamenyesheje ko bipfuje y’uko n’abaririmvyi badakunze kuboneka nko ku mboneshakure canke bazwi cane mu buryo ubu canke buriya (aba underground) nabo bamenyekana ndetse ngo ninaryo hangiro nyamukuru bari bafise mu gutegura urwo rukino ukaba wabaye nk’umukenyuro mushasha woba watumye Media Fc itsindwa.

Mwomenya ko muri urwo rukino abaririmvyi barwitavyemwo bari basanzwe bazwi ari nka G.N, Josdy Yossi, hamwe na Terry West abasigaye bose bakaba bari imikangara ikina mu vyicaro bitandukanye.

Umurwi Media Fc kuva ukibaho ukaba utari bwatsindwe n’umugwi n’umwe aho wari umaze kunganya inkino zibiri utsinda urukino rumwe nayo kuri uno musi bikaba vyabaye imboneka rimwe utakaza urukino.

2,006 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports
Tagged as:

Add Comment