Scroll to Top

Tchabalala yarateruwe nk’umwami igihe yashika mu myimemyerezo ya Rayon Sports

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 13 Jan 2018 12:41 PM / /

Hari ku musi wa kane igenekerezo rya 11 Nzero umwaka w’2018 aho abakunzi b’umugwi Rayon sports bakiriye umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala inyuma yo kugurwa na Rayon Sprts amafaranga angana n’imiriyoni 5 z’amafaranga y’amanyarwanda imukuye mu mugwi Amagaju Fc akaba agiye gukinira uwo mugwi Rayon Sports ikiringo kingana n’amezi atandantu nk’uko bitegekanijwe mu masezeranyo aheruka guterako umukono.

Hussein Shabani Tchabalala yarateruwe nk’umwami igihe ashika mu myimenyerezo ya rayon sports aho abakunzi benshi b’uyo mugwi bamwakiriye neza cane ndetse baguma banaririmba n’izina ry’uyo mukinyi w’intamba mu Rugamba.

Uyo mukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba akaba yaraguzwe kugira aje kufasha umugwi Rayon Sports kwigenza neza mu mahiganwa akomeye ya CAF Champion League azoba mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma uwu mwaka aho umugwi Rayon Sports watomboye guhura n’umugwi LLBS4A wa hano iwacu.

Hussein Shabani Tchabalala akaba ari umwe mu bakinyi b’abasatirizi bakomeye cane mu mugwi w’intamba mu rugamba yashoboye kwitwara neza mu mahiganwa ya CECAFA Senior Challenge Cup yaberaga mu gihugu ca Kenya mu ntango z’ukwezi kwa kigarama mu mwaka uheze w’2017.

9,421 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment