Scroll to Top

Fuadi Ndayisenga agiye gukinira AS Kigali.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 13 Jan 2018 12:43 PM / /

Umugwi wa AC Kigali, uramenyesha ko wamaze guha amasezerano umukinyi w’umurundi Fuadi Ndayisenga yahoze akina mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda,  inyuma y’ikiringo yaramaze awukoramwo imyimenyerezo.

Abarongozi b’umugwi wa AS  Kigali babicishije mu kinyamakuru Ruhagoyacu co mu gihugu c’Urwanda, bamenyesheje ko bahaye uno mukinyi amasezerano y’imyaka ibiri, ndetse bemeza ko agiye gutangura gukina mw’ihiganwa rya Azam League ryo muri ico gihugu mu gice c’ugusubiriza c’ihiganwa ( phase retour).

Umumenyereza Nshimirimana Eric, yamenyesheje ko AS Kigali yari yarondeye Fuadi Ndayisenga kuva mu mwaka wa 2016 ariko bitakunze.

Fuadi Ndayisenga kaba ari umwe mu bakinyi b’intamba mu rugamba babonetse cane mu migwi itandukanye yo muri kano karere, harimwo APR FC, Rayon Sports, Kiyovu Sports o mu Rwanda , SOFAPAKA yo muri Kenya, Villa  Sports Club yo mu Buganda, tutibagiwe n’umugwi wa Vital’o FC yamenyekaniyemwo.

9,579 total views, 0 views today

Add Comment