Scroll to Top

Berahino aripfuzwa na Glasgow Rangers yo muri Ecosse.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 13 Jan 2018 14:17 PM / /

Inyuma y’ukurondera mu mwaka uheze, umusatirizi wa Stoke City, Saido Berahino afise amamuko hano i Burundi, Glasgow Rangers yo muri Ecosse, n’ubu iracamwifuza muri kuno kwezi kwa mbere.

Nk’uko bishirwa ahabona n’ikinyamakuru co mu gisagara ca Bermingham, Bermingham Mail, mu mwaka  uheze mu kwezi kwa Nzero, n’aho Berahino yatahukanywe na Stoke City avuye muri West Bromwich Albion, ku miliyoni 12 z’amahera y’ama pound, yari yifujwe na Glasgow Rangers ariko ntivyakunda.

Kuri uno munsi bakaba bifuza gusubira kumrondera muri kino kwezi kwa mbere bamukura muri Stoke City, aho agiye guwiza ikiringo c’umwaka ata gitsindo aratsinda mwihiganwa rikuru ryo mu gihugu c’Ubwongereza, mu nkino 25 amaze gukinishwa.

Mu gihe Stoke City iriko iragwana urugamba rwo kudakoroka icicaro, kuko iri mukibanza ca nyuma, iriko irarondera abandi basatirizi, bishobora gutuma uno musore w’imyaka 24, abandanya yigizwa inyuma na Mike Hughes amenyereza Stoke City.

 

8,933 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment