Scroll to Top

#Indundi Sports| Patrick Richard yaraye agabanye umugeni riva.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 14 Jan 2018 05:37 AM / /

Umumenyereza wa REG Basketball mu gihugu c’Urwanda, yaraye agabanye umugeni, ishengero riva.

Kuri uyu wa 13 Nzero mu bigo vy’ikigo ca Croix Rouge, wari umunezero mwinshi ku muryango w’uwahora ari mumenyereza wa Berco Stars n’Urunani Basket Ball, hano mu Burundi, aho yaraye ashikanye inkwano mu mryango w’uwugiye kuba umupfasoni wiwe Habonimana Annick.

Abakunzi b’urukino rwa Basket Ball, abakinyi bo mu migwi yaciyemwo nk’umukinyi canke umumenyereza, abamenyeshamakuru b’inkino¬† ntibari batanzwe guherekeza umuvukanyi wabo.

Inyuma y’amajambo yashikirijwe¬† n’abaserukiye imiryango ibiri, Patrick Richard Ngwijuruvugo, yatumenyesheje ko mu kwezi kwa Ruheshi ariho azoshinga urwiwe na Annick Habonimana ari mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri kino gihe.

Tubibutse ko Patrick Richard asigaye ari mu bamenyereza ba REG BBC yo mu gisagara ca Kigali kuva mu kwezi kwa Gitugu k’umwaka uheze wa 2017.

4,858 total views, 0 views today

Add Comment