Scroll to Top

Harakenewe amahinguriro ahingura ivyimburwa kugira vyorohe kubika

By La Rédaction / Published on Tuesday, 16 Jan 2018 04:04 AM / /

Ngo harakenewe amahinguriro yohora aza arahingura ivyimburwa maze bibone kworoha kubika gutyo abanyagihugu bashobore kuzoza baravyikorako igihe cose babishakiye.

Ivyo ni ibiherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu cacu Perezida Petero Nkurunziza akaba yabishikirije mu ku musi wa gatandatu uheze, igenekerezo rya 13 Nzero uwu mwaka gihe yari yaramutse asarura imirima yiwe y’ibiraya isanzwe iri ku mutumba wa Rutanga wo muri komine Gashikanwa mu ntara ya Ngozi.

Amaze kubone umwimbu ushimishije arose muri iyo mirima yiwe, Perezida Petero Nkurunziza yaciye aboneyeho akaryo k’uguca ahamagarira umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi ko yokwiga ico kibazo c’amahinguriro yohora ahingura ibifungurwa maze mu gihe umwimbu uba wagenze neza hakaboneka ivyimburwa vyinshi, ayo mahinguriro azoheze afashe abanyagihugu gushobora kubika ivyimburwa vyabo gutyo bazobone kuza barabifungura bukebuke baticura ko bibaborana.

Uwo mugambi woshirwaho ukaba wofasha abanyagihugu kubika ivyimburwa bikunze kubora n’ingoga nk’ibijumbu, inyanya, ibiraya, amashu n’izindi mboga maze kubasanzwe badandaza ben’ivyo bifungurwa nabo bahatorere akoyoko uruhombo bahora bagira mu gihe ivyo bifungurwa biboreye mu bubiko rubone kugabanuka ndetse runasezererwe.

4,934 total views, 0 views today

Add Comment